People Salvation Movement

Ubushikirizamanza bw’u Rwanda bwahagaritse kubandanya kuburanya Diane Rwigara

Mu kwezi kwa 12 guheze, Diane Rwigara na nyina bahanaguriwe ivyaha vyo kugumura abanyagihugu mu ntumbero yo kubankisha ubutegetsi hamwe no gukoresha impapuro za magendo

Ubushikirizamanza bw’u Rwanda bwahagaritse urubanza rwo kwunguruza bwari bwakatishije inyuma yaho Diane Rwigara na nyina wiwe Adeline Mukangemanyi Rwigara bagiriwe abere mu ntango z’ukwezi kwa 12.

Diane Rwigara na nyina bakuweko ivyaha vyo kugumura abanyagihugu babankisha ubutegetsi hamwe no gukora amasinyatire ya magendo y’abayoboke, igihe yipfuza kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu 2017.

Ubushikirizamanza ntibwemeye ingingo yo kubeza, munyuma bushingisha urubanza rwo kwunguruza, ariko uno munsi bukaba bwavuze ko ubushikiranganji bw’ubutungane bwabusavye kubihagarika.

Iyo bagigwa, uwo munyapolitike agwanya ubutegetsi bwa Perezida Paul Kagame yari gufunganwa na nyina imyaka irenga 20.

Kuva urubanza rugitangura, Diane yarahakanye ivyo aregwa, avuga ko bishingiye ku mvo za politike.

Naho hari ibintu vyinshi biriko birahinduka mu gihugu c’u Rwanda, Perezida Paul Kagame aridogegwa cane ko ahonyanga agateka k’ikiremwa muntu, kandi ko atihanganira abatavuga rumwe nawe.

Source Link

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *